Burundi: Hagiye gutangura amashure azokwigamwo abana bafise ubwenge budasanzwe

Umushikiranganji bw'ndero, Janvière Ndirahisha
Insiguro y'isanamu, Umushikiranganji bw'ndero, Janvière Ndirahisha

Mu Burundi himirije gutangura umwaka w'amashure n'umugambi mushasha leta yita "amashure y'akarorero".

Mu bushikiranganji bw'ndero basigura ko ari amashure azokwigamwo abana bafise ubuhanga budasanzwe kugira muri kazoza bazovemwo imboneza.

Bubaye ubwa mbere muri kahise k'Uburundi habaye bene uwo mugambi.

Ku bw'umushikiranganji w'amashure mu Burundi Janvière Ndirahisha, mu Burundi bwose hatoranijwe amashure atandatu azokwira abo bana. Mu buraruko hari ishure rya Musenyi riri i Ngozi, mu buseruko hari ishure rya Rusengo mu ntara ya Ruyigi, mu ntara zo hagati hari ishure ryahora ryitwa CND i Gitega, mu bumanuko hari ishure rya Kiremba mu ntara ya Bururi naho mu burengero kubera hari abanyeshure benshi hatoranijwe amashure abiri, Saint Marc na Lycee Ngagara yompi ari muri quartier ya Ngagara mu gisagara ca Bujumbura.

Ku bazokora ikibazo isango ni itariki 14 uku kwezi. Ikitaramenyekana ariko ni amanota bazoheza bagafatirako kuri iyo migwi yompi. Bizova ku ntara ku ntara, bituma rero hataranamenyekana igitigiri c'abaneyeshure bose bazokwakirwa muri ayo mashure atandatu, gusa ngo nta banyeshure bazokwigana barenga 30.

Intumbero ngo ni ukurondera abazoba imboneza muri kazoza.

Mu kiganiro yatanze atangaza uwo mugambi, Madamu Ndirahisha ntiyamenyesheje umunsi umwaka w'ishure uzotangurirako mu gihe vyari bimenyerewe ko ari hagati mu kwezi kw'icenda.

Yavuze ko hakiri ibibazo vyinshi bakiriko baratunganya neza imbere y'uko bashinga uwo munsi.

Indinganizo z'ivyigwa mu Burundi zigize igihe zirimwo impinduka nyinshi, ishure nshingiro rigiye mu gice ca kabiri inyuma y'imyaka itatu ritanguye, abazokwunguruzwa bavuye mu mwaka w'icenda waryo bazokwigana n'abavuye mu mwaka w'icumi w'indiganizo ya kera. Amakenga asigaye kuri kazoza k'abataronse amanota yo kwunguruzwa mu gihe bivugwa ko nk'abayobewe ikibazo ca leta gusa ariko bakamenya mw'ishure badafise uburenganzira bwo gusubiramwo umwaka.