Ubugenzi hagati ya Kim na Trump 'ntibuhagije kugira ibiganiro bisubire gutangura'

Mu kwa gatandatu kw'umwaka uheze, abo bategetsi barahuriye mu buryo butari bwitezwe mu karere kagabura Koreya ya Ruguru n'iy'Epfo

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Mu kwa gatandatu kw'umwaka uheze, abo bategetsi barahuriye mu buryo butari bwitezwe mu karere kagabura Koreya ya Ruguru n'iy'Epfo

Koreya ya Ruguru yaronse ubutumwa bwa Perezida Donald Trump wa Amerika arungikiye Kim Jong-un, ariko ico gihugu kivuga ko imigenderanire hagati y'abo bantu babiri idahagije kugira ngo ibiganiro bisubire gutangura.

Umuhanuzi mu bushikiranganji bw'imigenderanire wa Koreya y'Uburaruko Kim Kye Gwan avuga ko Kim afise kuba akunda Trump, ariko ko adashobora kuyobora igihugu afatiye kuri ivyo.

Avuga ko ata biganiro bishoboka mu gihe Amerika itaremera ibisabwa na Koreya y'Uburaruko.

Imigenderanire hagati y'ivyo bihugu vyompi yaratitutse kuva mu mezi aheze.

Bwana Kim na Trump barabonanye amaso mu yandi mu 2018 n'umwaka uheze ku mugambi wa Koreya y'Uburaruko wo guhingura ibirwanisho vy'ubumara.

Hagati aho, ivyo biganiro vyarahagaze ataco bishitseko kubera Amerika yanse gukuraho ibihano yafatiye Koreya ya Ruguru gushika iki gihugu gihevye burundu umugambi waco wo guhingura ibirwanisho vy'ubumara.

Mw'itangazo ryaciye mu kinyamakuru ca leta KCNA, Bwana Kye, avuga ko Pyongyang idashobora guheba umugambi wayo w'uguhingura ubutare bw'ubumara Amerika itayikuyeko ibihano yayifatiye.

Skip podcast promotion and continue reading
Ikiganiro cy’abagore

Ikiganiro cy’abagore kuri BBC Gahuzamiryango

Inkurikirane

End of podcast promotion

Ati: "Ibiganiro birashobora gusubira gutangura mu gihe Amerika yokwemera ibisabwa na Koreya ya Ruguru, ariko turazi neza ko Amerika ititeguye kuvyemera kandi idashobora kuvyemera".

Uyo muhanuzi kandi avuga ko "ata biganiro nka birya vya Vietnam bizosubira" - agomba kuvuga umubonano ugira kabiri hagati ya Trump na Kim.

Muri uwo mubonano Koreya ya Ruguru yari yemeye ko ishobora gusambura ikigo c'ihinguriro ry'ubutare bw'ubumara kiri ahitwa Yongbyon, maze Amerika nayo igakuraho ibihano vyose yayifayie.

Ivyo biganiro vyabaye mu 2019 vyagiye guhagarara Amerika yanse gukurikiza ivyo yasabwe.

Mu ntango za kuno kwezi, Bwana Kim yatangaje ko agiye gusubira kuvyura umugambi wo kugerageza ibirwanisho vy'ubumara na za misire zirasa kure, kandi ko mu minsi ya vuga ashobora gukora "ikindi kirwanisho ruhonyanganda gishasha".

Hagati aho, yavuze ko imiryango y'ibiganiro ibandanya yuguruye, akavuga ariko ko ko vyose bizovana n'ingendo ya Amerika.

Bwana Kye aremeza ko igihugu ciwe cabonye iryo kete Trump yandikiye Bwana Kim amukeza kw'isabukuru yiwe y'amavuka, izwi ko yari kw'igenekerezo rya 8 uku kwezi, ariko akavuga ko ivyo ataco bishobora gufasha mu gusubira kuvyura ibiganiro.

Ati: "N'aho indongozi yacu Kim Jong-un afise imigenderanire myiza na Perezida Trump, ni imigenderanire iri 'hagati yabo'. Twaratezwe umutego na Amerika mu kiringo c'umwaka wose n'igice tuganira, kandi ivyo vyadutesheje umwanya".

Uyo muhanuzi kandi aragabisha Koreya y'Epfo ko iriko igerageza kwigira umuhuza hagati ya Amerika na Koreya ya Ruguru.

Ku wa gatanu, umutegetsi umwe wo muri Koreya y'Epfo yavuze ko Perezida Trump yasavye abategetsi b'ico gihugu kumushikanira ubutumwa bwerekeye iyo sabukuru muri Koreya ya Ruguru.

Bwana Kye agabisha Koreya y'Epfo ko iriko ishaka kwisuka mu bitayiraba.

Ibiro vy'umukuru w'igihugu vya Koreya y'Epfo ntaco biratangaza.