Urubanza rwa Trump rwo kwamburwa iteka rushobora gutangura ku ndwi iza

Schumer kuri telefone

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Umukuru w'abafise ubwinshi mu nama nkenguzamateka Chuck Schumer

Urubanzap rwo kwambura Trump iteka ry'umukuru w'igihugu kubera uruhara mu ntureka zahitanye abantu ku ngoro ya Capitol rushobora gutangura ku ndwi iza mu nama nshingamateka, ku bw'abo mu mugambwe w'aba Democrats.

Ku wa mbere inama nshingamateka izorungika mu nama nshingamateka ingingo yayo yo kwagiriza Trump , gutyo itume haca hatangura inzira y'urubanza muri urwo rwego rugizwe n'abantu ijana.

Aba Republicain bari bifuje ko ruteba gato, bashaka igihe co kwitegura.

Urwo rubanza rwimirije gucirirwa Trump nirwo rwa mbere ruzoba rubaye nyene kurucirirwa yamaze kuva mu mabanga.

Trump umunsi ikiringo ciwe kirangira ku wa gatatu yaciye afata indege aja muri Floride atagiye mu birori vyo kurahiza uwumusubirira Joe Biden.

Inama nshingamateka ku ndwi iheze yagirije Donald Trump guhamagaza imigumuko yahitanye abantu ku ngoro ya Capitol , gutyo iba iciye inzira ko haba urubanza mu nama nkenguzamateka. Hamwe yohamwa n'icaha, nta yandi mabanga y'igihugu namwe yosubira kwmererwa.

Umukuru w'aba Democrats muri nama nkenguzamateka Chuck Schumer yavuze kuri uyu wa gatanu ko ingingo yo kwagiriza Trump isoshikirizwa ku wa mbere.Kiretset. Aba Drmocrats, baronse ubwinshi mu nama kenguzamateka muri iyi ndwi, badahinduye amategeko, bizoca bisigura ko urubanza rwa Trump ruca rutangura ku wa kabiri.

Uruhara rwa Trump imbere y'uko haba imigumuko y'itariki 6 ukwezi kwa mbere nivyo bigize ishingiro ry'urwo rubanza. Uwo yahoze ari umukuru w'igihugu yabwiye abari mu myiyerekano imbere y'ibiro vy'umukuru w'igihugu ngo ni bavuge ijwi ryabo ryumvikane ''mu mahoro no mu rukundo rw'igihugu''ubwo bariko baritegurira kugana inyubakwa ya Capitol. Yanababwiye kandi ati ''fight like hell'' vyosigurwa nka ''murwanire n'ingvu zanyu zose intsinzi y'amatora twibwe''.

Insiguro ya video, Joe Biden agiye gutwara Amerika "iciyemwo kubiri"

Iyo myiyerekano yahindutse ishano kuko abayirimwo bahavuye binjira ku nguvu mu ngoro y'inama nshingamateka na nkenguzamateka aho abazigize bari bakoraniye basuzuma hanyuma ngo bemeze intsinzi ya Joe Biden.

Protesters supporting Donald Trump gather near the east front door of the US Capitol after groups breached the building's security on January 6, 2021 in Washington, DC

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Amasanamu yo gutera Capitol yarashegeshe isi nzima

Abantu batanu harimwo umuporisi barasize ubuzima muri ako kaguma.

Haciye indwi Trump yaciye aba umukuru w'igihugu wa mbere afatiwe kabiri ingingo yo gucirirwa urubanza rwo gukurwa.

Donald Trump ahagurutse ava Washington imbere y'uko Joe Biden arahira ku wa gatatu

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Donald Trump ahagurutse ava Washington imbere y'uko Joe Biden arahira ku wa gatatu

Aba Republicain bari basavye iki?

Skip podcast promotion and continue reading
Ikiganiro cy’abagore

Ikiganiro cy’abagore kuri BBC Gahuzamiryango

Inkurikirane

End of podcast promotion

Ahamagaye bagenziwe b'abakenguzamateke b'umugamwe w'aba Republicain ku wa kane, umukuru wabo Mitch McConnell yavuze ko yasavye aba Domocrats kubangira kurungika ingingo yabo mu nama nkenguzamateka gushika itariki 28 z'ukwa mbere.

Kuri iyo nteguroTrump yari guca aronka indwi zibiri-gushika itariki 11 z'ukwa kabiri -zo kurungika umwireguro wiwe w'ibanze, kuja mu rubanza nyezina bigatangura hagati mu kwezi kwa kabiri.

Kubera aba Republicain bataciganje mu nama nkenguzamateka kuva kuri uyu wa gatatu, bari bakeneye ko umu Democrat asigaye arongoye abafise ubwinshi kwemera ico ciyumviro.

Aba Republicain bavuga ko bashaka ko Trump acirirwa urubanza rwuzuye kandi rwubahirije uburenganzira bwiwe.

Igihe inama nshingamateka yemeza ingingo yo gushingishiriza urubanza Trump, aba Republicain 10 barashigikiye aba Democrats ku wa 14 ukwezi kwa mbere. .

Ubu n'aho aba Democrats ari bo benshi mu nama nkenguzamateka, bazotegerezwa gukenera aba Republicain 17 kugira bakwize igitigiri co guhamya icaha Trump kuko hakenewe 2/3 bagize urwo rwego.

Aba Republicain bari ku rushi baremeye ko batanka ko icaha cagira Trump ariko benshi muri bo bamwe usanga bafise amakenga kuco amategeko avuga ku bijanye no gucira urubanzaa umukuru w'igihugu atakiri mu mabanga, abandi bakavuga ko urwo rubanzaa ruzocanishamwo cane abanyamerika.