Afghanistan: Uwahoze ari Jenerali yiyemeje gutangura intambara yo kurwanya aba Taliban

  • Na Lyse Doucet
  • Umunyamakuru mpuzamakungu
Lt Gen Sami Sadat avuga ko abanya - Afghanistan bahemukiwe n'abanyaporitike ba Afghanistan bamunzwe na ruswa hamwe na poritike ya Amerika
Insiguro y'isanamu, Lt Gen Sami Sadat avuga ko abanya - Afghanistan bahemukiwe n'abanyaporitike ba Afghanistan bamunzwe na ruswa hamwe na poritike ya Amerika

Uwahoze ari intwazangabo y'ipete rya jenerali mu gisirikare ca Afghanistan avuga ko we na bagenziwe bahoze ari abasirikare n'abanyaporitike bariko barategura intambara nshasha ku butegetsi bw'aba Taliban.

Liyetena Jenerali (Lt Gen) Sami Sadat avuga ko amezi umunani y'ubutegetsi bw'aba Taliban yatumye abenshi mu banya Afghanistan batahura ko inzira ya gisirikare ari yo yonyene ishobora guhindura ibintu.

Avuga ko intambara ishobora gutangura mu kwezi kuza inyuma y'umusi mukuru wa Eid al-Fitr w'idini rya Islam, akaba ariho ategura gusubira muri Afghanistan.

Aba Taliban bafashe ubutegetsi inyuma y'intambara yabaye mu mududuko uteye ubwoba muri Myandagaro (8) y'umwaka uheze.

Izi nyeshamba zigendera ku vyiyumviro bikaze vy'idini rya Islam bafashe igihugu mu misi cumi yonyene, igihe ingabo za nyuma za OTAN zari zirongowe na Amerika zatahukiye inyuma y'imyaka 20 zari zimaze mu bikorwa vya gisirikare muri ico gihugu.

Avuga ubwa mbere ku bijanye n'integuro z'iyi ntambara, Lt Gen Sadat yabwiye BBC ko we na bagenziwe bazokora "iibishoboka vyose kugira ngo dukure Afghanistan mu vyara vy'aba Taliban maze tugarukane ubutegetsi bushingiye ku ntwaro rusangi".

"Tudashitse ku bwigenge, tudashitse aho twidegemvya mu vyo dukora, tuzobandanya intambara", niko avuga, ariko akirinda gutanga ibiringo.

Skip podcast promotion and continue reading
Ikiganiro cy’abagore

Ikiganiro cy’abagore kuri BBC Gahuzamiryango

Inkurikirane

End of podcast promotion

Uyu mujenerali aravuga ingene aba Taliban babandanya bagarukana intwaro y'agahotoro - harimwo ihonyanga rirenze urugero ry'uburenganzira bw'abagore n'abakobwa - akavuga ko hageze y'uko bahagarika amategeko y'agahotoro bagatangura bishasha.

"Ivyo tubona muri Afghanistan kuva mu mezi umunani aheze y'ubutegetsi bw'aba Taliban si ibindi uretse ikandamiza rishingiye kw'idini, gukoresha nabi no gutahura nabi ivyanditswe mu gitabo Ceranda ca Korowani ku mvo za poritike".

Ubwa mbere yari yahaye amezi cumi n'abiri aba Taliban kugira ngo arabe ko bohinduka, nk'uko abivuga. "Ariko rero, uko bukeye uko bwije, niko aba Taliban bazana ibintu bishasha - iyicarubozo, ubwicanyi, kunyuruza, ubukene bw'imfungurwa, abana gufungura nabi".

Avuga ko yaronse amajana n'amajana y'ubutumwa buri musi buva mu nbanygihugu ba Afghanistan bamubaza ico yari agiye gukora kuri ibi bibazo.

Ariko rero mu gihugu kimaze imyaka irenga 40 kiri mu ntambara, abanya Afghanistan benshi baratinya ingwano, bakaba bipfuza guta bakomoka, canke naho bakirwanira n'ubuzima muri kino gihe igihugu kiri mu bibazo bikomeye vy'ubutunzi. ONU ivuga ko igihugu "kirushe n'intambara" aho abaharurwa mu mamiliyoni bari mu kwicwa n'inzara.

Abenshi mu basanzwe baba mu mitumba ya ruguru bahuye n'intambara ya OTAN n'aba Taliban barishimiye agahengwe barimwo ko kubona indege z'intambara za Amerika n'iza Afghanistan zitakiri hejuru yabo, no kubona ibitero vy'aba Taliban vyararangiye.

Lt Gen Sadat yari arongoye ingabo za reta ya Afghanistan mu ntara yo mu bumanuko ya Helmand mu mezi ya nyuma y'ibitero vy'aba Taliban, aragirizwa kandi kugomora ingabo mu bitero vyahitanye abasivire. Abajijwe ibi yagirizwa yarabihakanye.

Mu kw'umunani umwaka uheze, yari yagenywe nk'umukuru w'ingabo zidasanzwe za Afghanistan mbere akaba yarashitse ku mugwa mukuru Kabul ku musi aba Taliban bawigarurira, umugaba w'ingabo nawe Ashraf Ghani agaca ahunga igihugu.

Abajijwe nimba ata yindi nzira ihari uretse iyindi ntambara, Lt Gen Sadat yavuze ko yizeye y'uko aba Taliban batagendera ku vyiyumviro bikaze, bazwi ko batiyumva neza ku ngingo zikaze zibutsa ubutegetsi bw'agatotezo bw'aba Taliban mu myaka ya 1990, bashobora kuba muri reta nshasha.

Ati: "Ntiturwanya aba Taliban, gusa turwanya ingene ubutegetsi butunganjiwe", akavuga ko bakeneye Afghanistan "abantu biyumvamwo, aho kuba igihugu c'aba Taliban gusa".

Mu ndwi nkeya ziheze, ubutumwa bucishijwe mw'ijwi bwaracoroste bushika mu minwe y'ibinyamakuru, aho uyo mujenerali yavuga ibijanye n'intambara ku ba Taliban mu ntumbero yo "gusubira kubohora" Afghanistan.

Muri kahise, imirwi y'inyeshamba harimwo n'aba Taliban, yagiye irafata ubutegetsi ifashijwe n'ibihugu bibanyi, n'uburyo buvuye hanze.

Umu Taliban ari kuri bariyeri i Kandahar, hari k uwa 27 ndamukiza (4) 2022

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Umu Taliban ari kuri bariyeri i Kandahar, hari k uwa 27 ndamukiza (4) 2022

Hari imirwi itari mike ubu yishize hamwe ihuriye ku ntumbero imwe yo kwirukana aba Taliban ariko kandi irangwamwpo ugucanamwo gushingiye ku moko be n'uko zigendera ku mategeko y'intwazangabo zibarongoye.

Lt Gen Sadat avuga ko yavuganye n'umwe mu mirwi ikomeye cane uzwi nka Front de Résistance Nationale/National Resistance Front (NRF) urongowe na Ahmad Massoud, umuhungu w'uwahoze ari intwazangabo rutura Ahmad Shah Massoud.

Muri ubwo butumwa, yavuga ati: "Ndavugana na mwenewacu Ahmad Massoud kandi turashigikiye ibikorwa vyiwe mu buryo bwose. Ndavugana kandi ndashigikiye n'iyindi mirwi".

Yabwiye BBC ko urugamba rwabo ratangujwe n'abanya Afghanistan bakunda igihugu cabo. Avuga ko ata bihugu vyo hanze bibashigikiye, kandi ko ataco bariko bararondera ngo kibashigikire.

Ku myaka 37, uyu mujenerali w'ishaka ryinshi - yize i Londres no mu yandi mashure ya gisirikare yo mu bihugu vyo mu Burengero - avuga ko abo mu runganwe rwiwe batahura amakosa yakozwe n'ubutegetsi buheze na we nyene yahozemwo.

Ariko avuga ko bahemukiwe n'abanyaporitike ba Afghanistan bamunzwe na ruswa hamwe na poritike ya Amerika.

Nk'uko abivuga, yemeza ko itahuka gihutihuti rya Amerika muri Afghanistan ryerekanye intege nke za Amerika kandi ko ari zo zatumye Perezida Vladimir Putin w'Uburusiya fata ingingo yo gutera Ukraine.

Abatari bake baraneguye ingene ingabo za OTAN zari zirongowe na Amerika zavuye muri ico gihugu, haduka ibibazo bitari bike ku kungene aba Taliban bashoboye gufata igihugu mu kanya isase nk'ako.

Lt Gen Sadat avuga ko cabaye ikibazo kuri Afghanistan, ariko akagiriza abanyaporitike bo mu bihugu vya OTAN, ariko cane cane Perezida Biden, akavuga ko intwazangabo z'ibihugu vyo mu Burengero ata ngorane mbere ko akivugana na benshi muri bo. "Ntitwishimiye canke ngo tunezerezwe n'ingene ibintu vyarangiye".

Arashima ingene abanya - Ukraine bihagararako bagahangana n'umwansi, ariko akagabisha ko nabo nyene bashobora kubona umusi uri izina bahemukiwe na OTAN.

"Ndibaza ko bihagazeko bishemeye. Ariko nagomba kandi kubabwira ko, urabizi nawe, bokwiyemera bo nyene gusumba, kubera imfahanyo ya OTAN n'iyo mu bindi bihugu ishobora guhagarara.

"Ndipfuza ko bobandanya bashigikiwe mu gihe cose bazoba bakibikeneye".