Vitiligo: Amavuta atavugwako rumwe yo kuvura ibirabagu ashobora gutangura kuboneka muri UK

  • Na Michelle Roberts
  • Yandika inkuru z'amagara
Model Winnie Harlow

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Umunyamideri Winnie Harlow yumvise ameze nk'uwuhariwe ivomo igihe yatorwa ubwa mbere ko afise vitiligo (kuzana ibirabagu ku mubiri) ariko ubu avuga ko ari ''imwe mu mpano zikomeye'' afise.

Uburyo bushasha butavugwako rumwe bwo kuvura kugira ibirabagagu (vitiligo) urukoba rugasubira gusa uko rwahora bushobora gutangura gutangwa n'urwego rw'amagara y'abantu mu Bwongereza NHS hamwe abahinga bobwemeza.

Amavuta yitwa ruxolitinib bamwe bavuga ko ari igitangaza kuko ashobora kugarukana uko urukoba (uruhu) rwari rusanzwe rusa hanyuma ibirabagu bikazimangana.

Ariko ashobora gutera ingaruka zikomeye cane.

Abandi bibaza niba ibirabagu (vitiligo) bwikwiye kwishimirwa aho kunyegezwa canke kuvurwa.

Ruxolitinib (uzwi kw'izina ryo kw'isoko nka Opzelura) utegerezwa kwandikwa na muganga kuko ikoreshwa ryawo ritegerezwa kugenzurwa.

Ibibi n'ivyiza

Ayo mavuta ashobora guhungabanya ubudahangarwa bw'umubiri (ububasha bwo kwirinda indwara), ku buryo ashobora gutuma abayakoresheje bashobora gukarirwa no gufatwa n'indwara z'ibisebuzi nk'inkorora n'ibicurane, nk'akarorero.

Ikinini gikaze gifatiye kuri uwo muti nyene gisanzwe gikoreshwa mu kuvura cancer zimwe zimwe.

Mw'igeragezwa ry'ayo mavuta yo kuvura ibirabagu, bamwe mu bayakoresheje baca bazana ibiherehere mu maso no gutukura urukoba aho ayo mavuta aba yasizwe. Ariko yaravuye neza ibirabagu bifata impande zompi z'umubiri (nko ku maboko yompi canke amaguru yompi) - ari nabwo bwoko bukunze kuboneka.

Hafi inusu y'abayakoresheje kabiri ku munsi barabonye kinini gihinduka, hanyuma umwe mu bantu batandatu nawe akaba yahatswe gusubira gusa uko yahora mu kiringo c'amezi atatu.

Ayo mavuta agurwa $2.000 (arenga miriyoni zine z'amarundi) muri Amerika aho aja yaremewe gukoreshwa.

Inzego zijejwe gucungera ibijanye n'imiti i Buraya nazo zisa n'izimirije kuyemeza, ku bantu bafise kuva ku myaka 12 n'iyirenga.

Ibirabagu (vitiligo) ni iki, biterwa n'iki?

Skip podcast promotion and continue reading
Ikiganiro cy’abagore

Ikiganiro cy’abagore kuri BBC Gahuzamiryango

Inkurikirane

End of podcast promotion

Ibirabagu (Vitiligo) vyibazwa ko ari indwara yo kwirwanya kw'umubiri aho umubiri w'umuntu ubwawo utangura kurwanya uturemangingo tugize inkinzo y'urukoba. Ibi bitera ibirabagu vyera bishobora kumererwa nabi n'izuba.

Ibirabagu bishobora gufata uwo ari we wese, ariko bigaragara cane ku bantu b'urukoba rwirabura canke ruvanze. Ibirabagu ntibitera ibisebuzi canke ngo vyandukire.

Abahinga bavuga ko kugira ibirabagu bishobora guhungabanya inyifato mu gutera umwitwarariko, akabonge, gutakaza ukwiyemera - mbere bishobora no gutera ivyiyumviro vyo kwiyahura.

Dr Viktoria Eleftheriadou wo mw'ishirahamwe ry'abaganga b'indwara z'urukoba (British Association of Dermatologists), avuga ko bamwe mu bafise ibirabagu bashobora kwumva ko batakaje kamere k'ingene basa.

Avuga ati: ''Igishobora gushika ngaha ni uko kwiyumva gutyo bikomera gusumba ku bantu b'urukoba ruzize.''

Avuga ko vyoba vyiza baretse abantu bagahitamwo gufata umuti.

Winnie Harlow, umwe mu banyamuderi bazwi cane kw'isi, yariyakiriye ku birabagu afise aho kugerageza kubinyegeza - n'ubwo yavuze ko kuba yari abifise akiri umwana vyatuma yumva ''nk'uwuhariwe ivomo''.

''Ndibuka cane ndi mu mwaka wa gatatu hanyuma nkagerageza kugira abagenzi abakobwa babiri ariko bose bakampunga kuko ba nyina batashaka ko 'bandura' ivyo nari mfise, nk'uko umenga narandukira,'' nk'uko yabwiye ikinyamakuru Cosmopolitan.

Ubu avuga ko ivyo birabagu vyiwe ari imwe mu ''mpano zikomeye' afise.

''Vyaranyigishije, kuva nkiri umwana muto, kubikoresha nk'irangururamajwi: gushikana ijwi kure, kwishima gusumba, kandi nkama nuzuye ishaka n'urukundo. Vyaramfashije kuraba kure kuruta uko nsa ku rukoba - no ku bandi bose.''

Emma Rush, yashinze akaba anarongoye Vitiligo Support UK, avuga ko n'ubwo ari vyiza cane kubona abanyamuderi bafata iya mbere mu kuvuga ku bijanye n'ibirabagu, ''hari ubudasa hagati y'umunyamuderi asanzwe n'umuntu asanzwe mw'ibarabara''.

Avuga ko abantu benshi basanga kuba ufise ibirabagu mu maso bishobora gutera umwitwarariko ukomeye. ''Ubu mu maso nuzuye ibirabagu. Sinkimenya amafoto yanje ya kera imbere y'uko biza. Umenga nari uwundi muntu.

''Nshobora kwisiga kugira ndabinyegeze ariko sinshobora kuja ahabona ngo bareke kubibona iyo ntisize. Birafasha kugira abantu ntibagume bakuraba.

''Iyo bihereye mu maso akenshi biza iruhande y'umunwa n'amaso kandi ivyo ni vyo bice abantu baraba. Bishobora kuba akaga ahantu usanga abantu bitaho cane ingene umuntu aba yitunganije mu maso.

''Kugira igituma urukoba rwawe ruhinduka rukera, ntibigarukira kw'ibara ry'urukoba rwawe gusa. Iyo ingene usa bihindutse, bishobora kuzanana n'ibindi bibazo vyinshi vy'iyo uva n'uwo uri.

''Abantu bamwe bamwe bavuga ko bumva nk'uko batakaje kamere kabo canke ko hari ikintu cabavuyeko.''

Avuga ko kuba habonetse umuti mushasha abantu bashobora guhitamwo gukoresha ari amahirwe adasanzwe.

Umwigisha Joti Gata-Aura yatowe ko afise ibirabagu mu myaka yiwe ya 20. Ico gihe, nk'uko avuga, yari kuba yagerageje hafi ikintu icari co cose cobimuvura.

Joti Gata-Aura

Ahavuye isanamu, Joti Gata-Aura

Insiguro y'isanamu, Joti Gata-Aura yaranditse igitabo ku bijanye no kubaho ufise ibirabagu hamwe no kubimenyera

''Narwanye na vyo igihe kirekire, kirekire cane. Nagumye ndondera imiti,'' nk'uko avuga.

''Sinakira urukoba rushasha nari nsigaye mfise.''

''Ndi umuhindikazi. Mfise urukoba rw'inzobe - sindi umunya-Asia afise urukoba rwera. Igihe rero nagira ibirabagu, vyaragaragara cane. Naranyegeje urukoba rwanje imyaka myinshi, myishi.

Ubu afise imyaka 45, ingene abona ibintu vyarahindutse, ubu agira isekeza ryo gufata ibintu mu ruhande rwiza kandi agafasha abantu bakiri bato kuvyakira.

''Nakoze vyinshi mu kwumva ko unezerewe mu rukoba ufise kandi ukiyumva ko uremye mu co uri.''

Avuga ko ikibazo c'akaranga kikiri ingorane ikomeye. ''Akaranga kanje karamvuyeko igihe natakaza uko nahora nsa. Vyantwaye igihe kirekire kugira nemere uru rukoba rwera.

''Hari ico binyongereza... kuba ntategerezwa kwisigura, ahubwo kuvuga uwo ndi, kandi ivyo rimwe na rimwe birashobora kugora cane, na cane cane ko ubu urukoba rwanje rwera cane kuruta bagenzi banje b'Abongereza. Ivyo biragoye kuko nsanzwe nishimira amamuko n'umuco vyanje.''

Avuga ko abantu bakeneye kwihitiramwo ico bokora mu kubaho bafise ibirabagu.

''Bishobora kuba atari ubumuga, bishobora kuba atari indwara, ariko ivyo vyarahungabanije abantu mu nyifato zabo.

''Nibaza ko ari nkenerwa cane, ko mu gihe ubu ndi mu kibanza ciza, ntari mu kibanza ciza igihe natorwa ko mfise ibirabagu. Abantu ubu bariko baraca mu vyo naciyemwo haraheze imyaka 20. Uyu ushobora kuba ari umuco inyuma y'igihe c'umwijima ku bantu benshi.''

Imiti y'ibirabagu ihari ishobora gutuma urukoba rusa uko rwahora si myinshi kandi yose ntikiza co kimwe, bisugura ko umuti umwe ukoze neza ku muntu umwe ushobora kudakora na gato ku wundi muntu, nk'uko bivugwa n'ishirahamwe ry'abaganga b'indwara z'urukoba.

Iyikoreshwa cane - phototherapie, tacrolimus, na corticosteroides zo kwisiga - yose ifise uruhande rutari rwiza. Nk'akarorero, hari ingaruka zijanye no gukoresha igihe kirekire imiti yo kwisiga, nayo phototherapie ikaba akenshi ikenera ko umuntu aja kwa muganga amezi atari make.

Ruxolitinib uzokenera kubanza kwemezwa n'urwego rugenzura imiti kugira ugurishwe mu Bwongereza.